Abasirikare b’Amerika hamwe n’aba Korea Yepfo bari mu myimenyerezo yo gutera “missiles” zigera kure, inyuma yaho Korea ya Ruguru itereye “missile” abahanga bavuga ko ishobora kugera muri Alaska, mu buraruko bwa Amerika ya Ruguru.
Kwigumya nikwo “kuri hagati yo guhagarika indwano no kurwana” kandi gushobora guhinduka igihe icarico cose, niko ibyo bihugu bibiri bicuditse byavuze.Yoba ari “amakosa akomeye” igihe Korea ya Ruguru yoba yiyumvira ukundi, niko bavuze.
Ubushinwa hamwe n’Uburusiya basavye Korea ya Ruguru guhagarika umugambi wayo wo kugerageza ibigwanisho bemeza ko Amerika na Koresa Yepfo nabo, boca bahagaritse imyimenyerezo ya gisirikare.
Igerageza rya “missile” riherutse inyuma y’ayandi magerageza, ni ukwihoza ivyasabwe n’akanama kajejwe umutekano ka ONU, kategetse kw’ibyo bikogwa bihagarikwa.
Amerika yasavye ko hoba inama y’akagwi ka ONU kajejwe umutekano ngo higwe ico kibazo.Inama yo mu mwiherero y’ibihugu 15 bigize ako kagwi, irategekanijwe kuri uno wa gatatu ku muhingamo.Pyongyang yavuze ku munsi wa kabiri ko yagerageje ku buryo bushimishije “missile” ishobora gushika ku mugabane uwariwo wose, “intercontinental ballistic missile” (ICBM).
Abahinga benshi mu bya gisirikare bavuga ariko ko Korea ya Ruguru itaragera ku rugero rwo kuronka ibigwanisho bya “nucléaire” bishika kure cyane nkuko icyo gihugu kivuga.
Izo Korea ukwo ari zibiri zisa n’izikiri mu ngwano, mu gihe ingwano yo mu 1950-1953 yaheze ibyo bihugu byisabiye ko ihagarara (armistice).
Ibihugu bya Amerika na Korea Yepfo bikorana mu bya gisirikare, byakoze imyimenyerezo yo gutera ibisasu byo mu bwoko bwa “missile” mu kiyaga cy’Ubuyapani.
Umukuru w’igihugu cya Korea Yepfo Moon Jae-in yavuze ko ibyo bihugu byagomvye kwerekana ingene byokwigwanira “mu bikogwa atari gusa mu matangazo”, niko ibiro byiwe byavuze.
Hagataho, mw’itangazo ryandikiwe hamwe, uwurongoye inteko z’Amerika muri Korea, Jenerali Vincent Brooks hamwe n’uwurongoye inteko muri Korea Yepfo, Jenerali Lee Sun-jin bavuze ko ibyo bihugu bicyihanganye kandi ko byigumije, ariko ngo ibyo bigashobora guhinduka.
“Dushobora guhindura icyo twahisemwo igihe dutegetswe n’abagaba urunani rwacu. Yoba ari amakosa akomeye kuri uwo wese yokwiyumvira igihushane,” nikop itangazo rivuga.
Imbere yaho, umushikiranganji w’imigenderanire w’Amerika, Rex Tillerson, yavuze ko ibyo Korea ya Ruguru yakoze “bihungabanya umutekano kurusha” agabisha ko Washington “itazigera yemera ko Korea ya Ruguru itunga ibigwanisho bya “nucléaire”.
Bwana Tillerson yavuze ko “amakungu akwiye guhagurukira rimwe ngo ahagarike ivyo bikogwa bya gisirikare bibangamiye amakungu” agabisha kandi ko igihugu icyaricyo cyose gifasha Korea ya Ruguru mu vy’ubutunzi canke mu bya gisirikare, kikareka kwubahiriza ingingo zafashwe n’akanama kajejwe umutekano ka ONU, ko “gifasha kandi kigashyigikira ubutegetsi buteye ubwoba”.





