Leta Zunze Ubumwe za Amerika yatangaje kur’uyu wa gatatu mu nama y’umutekano ya ONU ko yiteguye gukoresha uburyo bwa gisirikare mu ntumbero yo kwikingira ibitero bya misile bikorwa na Koreya ya Ruguru. Yamara ko byaba vyiza habanje gukoreshwa uburyo bwo kuganira hamwe n’ubutunzi.
Nikki Haley, aserukira Amerika muri ONU avuga ko inteko za gisirikare za Amerika, ziri muri Aziya y’ubuseruko zagabye. Halley yabwiye Inama y’umutekano ya ONU ko bazozikoresha ari hamwe bikenewe, ariko ko batipfuza gushika kur’urwo rugero.
Liu Jieyi, aserukira Ubushinwa muri ONU yatey’ibyatsi ibyo bitero vya misile Koreya ya Ruguru iheruka gukora, m’ukuvuga ko ar’ukurenga ku mategeko yashinzwe na ONU. Yamara ntaco yavuze ku bijanye n’ibihano bishyashya. Yahakanye kandi iciyumviro cyo gukoresha abasirikare mu karere ka Koreya.
M’ukwezi kwa kabiri, Ubushinwa bwaratangaje ko buhagaritse kurangura mazutu bwahora burangurira muri Koreya ya Ruguru, gushyika mu mpera z’uyu mwaka. Ni mu gihe Ubushinwa ar’icyo gihugu cya mbere kirangura amazutu menshi muri Koreya ya Ruguru. Ibyo bikazotuma Koreya ya Ruguru ihahombera amafaranga aharurwa mu mamiliyoni amajana y’amadolari.





