Umushikiranganji wa Leta zunze ubumwe z’Amerika ajejwe kwivuna abansi Jim Mattis ariho aragabanya abasirikare b’Amerika babarirwa mu magana bari muri Afrika kugira bakoreshwe mu ntambara zishobora kuzokwaduka muri kazoza n’ibihugu by’Uburusiya n’Ubushinwa.
Umuvugizi w’ubwo bushikiranganji, komanda Candice Tresch yabwiye Ijwi ry’Amerika ko iyi ngingo yerekeye abasirikare 700 bari mu bariho barwanya iterabwoba mu burengero bwa Afrika. Abo ni ibice 10 kw’ijana by’abasirikare Amerika ifitiye ku mugabane w’Afrika.
Ibikorwa bya gisirikare mu bihugu nka Libiya, Somaliya na Djibouti bizabandanya uko bisanzwe, nta musirikare azakurwayo, nkuko yabandanije avuga.
Abajijwe nimba uko kugabanya abasirikare kutavuye ku basirikare bane ba Leta zunze ubumwe z’Amerika bishwe mu kwezi kwa cumi 2017 muri Nijeri, umwe mu bategetsi ba gisirikare yavuze ko nta sano bifitanye.
Umushikiranganji Mattis yavuze ko kumvo z’umutekano wa Leta zunze ubumwe z’Amerika “Guhangana n’ibihugu rutura ari cyo Amerika ishyira imbere, atari iterabwoba.





