Umugambi washikirijwe na Rex Tillerson, ajejwe imigenderanire ya Amerika n’ayandi makungu utegekanya kugabanya izo mfashanyo gushyika ku bice mirongo ine kw’ijana, by’amafaranga Amerika icisha mw’ishirahamwe ryayo USAID.
Stephen Morrison, icyegera cy’umuyobozi w’ikigo cya Amerika kijejwe kwiga imigambi mu makungu, avuga ko bigoye kugira Amerika yirengagize ibibazo biri muri Sudani y’Ubumanuko, kandi ariyo yagize uruhara rukomeye m’ukwikukira kwayo, mu 2011
Ibiro bya Prezida wa Amerika byaratangaje mu mpera z’indwi iheze, ko Amerika itegekanya gutanga amafaranga angana n’imiliyoni amajana maganatandatu na mirongo itatu n’icyenda z’amadolari, agenewe gufasha ibihugu bya Sudani y’Ubumanuko, Nijeriya, Somaliya na Yemeni bisanzwe byugarijwe n’inzara.
Abagize Inama Nshingamateka ya Amerika, ku mpande zose, bamenyesha ko bahakaniye Leta kugabanya ayo mafaranga, bakavuga ko ahubwo yakongerwa.