Umugambwe uri ku butegetsi mu gihugu cya Uganda wagenye Yoweri Museveni ngo abe ariwe yitoza mu kibanza cy’umukuru w’igihugu mu matora ategekanijwe mu 2021.
Uwo mutegetsi w’imyaka 74 yaje ku butegetsi mu 1986, azaba agiye gutwara igihugu cya Uganda ku kiringo cya gatandatu.
Mu nama yari irongowe na Bwana Museveni kuri uno wa gatatu, umugambwe “National Resistance Movement” (NRM) wumvikanye ko akwiye “kubandanya arongora umuhari n’igihugu mu 2021 n’inyuma yaho, kugira afashe gukura inzitizi zibuza amahinduka”.
Bwana Museveni yigeze kwivugira ko indongozi “zitsimbatara” ku butegetsi arizo mizi y’ingorane Uganda na Afrika irimo.
Ashikira ubuyobozi bw’igihugu ku kiringo cya gatanu mu 2016, yavuze ko atari igihe cyo kuva ku butegetsi, asigura ko agifite akazi gakomeye ko gukora.
- Perezida w’Algeria, urwaye, ashaka kwiyamamariza manda ya gatanu
- Umuhungu wa Perezida Museveni mu barenga 2000 bazamuwe mu mapeti
- Bobi Wine yibasiye Perezida Museveni wa Uganda
Abaye umukandida mu matora yimirije muri Uganda inyuma yaho yemeje mu 2017 itegeko rihanagura imyaka ntarengwa y’amavuko ku witoza mu kibanza cy’umukuru w’igihugu.

Amategeko y’imbere y’icyo gihe akaba avuga ko uwitoza ataba arenza imyaka 75.Urukiko rw’ikirenga rwa Uganda rukaba rwatangiye kwumviriza urubanza rw’abiyamiriza iryo tegeko mu kwezi guheze.
Muri ino myaka ibiri isigaye ngo igihugu kije mu matora, umunyapolitike bagiye guhangana ni umuririmvyi azwi cyane Bobi Wine.
Kizza Besigye yabivuzeho iki?
Hagati aho umunyapolitike yagiye ahangana na Perezida Museveni mu matora, Kizza Besigye yavuze ko ibyabaye mu mugambwe NRM ntawe byatangaza, avuga ko nta wundi muntu ushobora kugira icyo avuze atari Museveni.
Yagize ati: “Benshi mu ‘ndongozi’ ntibanezerejwe n’ibi vyose hamwe n’ibindi bibazo bijanye n’uburongozi, ariko bazo ko ubukiriro bwabo bushobora kujya mu kaga igihe baba batakiri muri NRM – mu gihe bazi agahotoro gakorerwa abayirwanya.”
Bwana Besigye amaze kugwanira ikibanza c’umukuru w’igihugu kabiri, mu matora yo mu 2001 no mu 2006.