Home News Abenshi batoye oya muri kamarampaka y’Ubugereki

Abenshi batoye oya muri kamarampaka y’Ubugereki

0

Ibihumbi n’ibihumbi vy’abahakana ingingo ico gihugu gisabwa n’abashaka kugiha ingurane ubu bari imbere y’inama nshingamateka kwigina ko “oya” ariyo yaronse amajwi menshi.

Umushikiranganji w’ikigega ca leta Yanis Varoufakis, yavuze ko ubu azogerageza kumvikana n’ikigega mpuzamakungu FMI n’ibanki nkuru y’ishirahamwe rya Buraya, ndetse n’inama y’Ubumwe bwa Buraya mu kugerageza nk’uko abivuga, ‘gusomora ibikomere’.

Leta y’Ubugereki yahamagaje iyo kamarampaka yizeye ko niyo abanyagihugu bayo banka ingingo isabwa bizoyongerereza inkomezi mu biganiro n’abayiha ingurane.

Ariko hari abibaza ko bishobora gutuma ahubwo ico gihugu gikurwa mu karere gakoresha ifaranga rimwe Euro.

NO COMMENTS

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here

This site uses Akismet to reduce spam. Learn how your comment data is processed.

Translate »
Exit mobile version
Skip to toolbar