Ubushikiranganji bajejwe kwivuna abanzi bwa Leta Zunze Ubumwe za Amerika butangaza ko defile y’igisirikare Prezida Donald Trump yasavye, yigijweyo gushika mu mwaka uza.
Umuvugizi w’ubushikiranganji bujejwe kwivuna abansi bwa Amerika, Colonel, Robert Manning, yatangaje ko bari bategekanije mu ntango iyo defile kuba kw’italiki 10 z’ukwezi kw’icumi na rimwe muri uyu mwaka w’i 2018. Yamara ko muri iki gihe bumvikanye ku vyerekeye kuraba igihe yoberako mu mwaka uza w’i 2019.
Iyo nkuru itangajwe mu gihe ibinymakuru vyari vyatangaje kw’igiciro c’iyo defil cavuye ku miliyoni 12 gishika ku miliyoni 92.
Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru ku musi wa kane, umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi wa Amerika, Jim Mattis, yatangaje ko yari yatanze iciyumviro ciwe ku vyerekeye iyo defile, ko yamara atari bwabone amafranga ay’ariyo yose yotwara.
Prezida Donald Trump, yatangaje uno musi ku wa gatanu ku rubuga Twitter, ko yasibishije defile y’igisirikare yari yasabye kubera abategetsi bo mu gisagara cya Washington DC, aho yari kubera bashaka kurihisha Leta ya Amerika amafranga arengeye urugero.
Yatangaje ko ahubwo azarebera defile y’igisirikare mu kibuga cy’igisirikare kirwanira mu kirere cya Andrews Air Force, hanze y’igisagara cya Washington DC, hanyuma agende kurorera ibirori by’ukwibuka irangira rw’intambara ya mbere y’isi yose i Paris mu Bufransa kw’italiki 11 z’ukwezi kw’icumi na rimwe.
