Abantu bitwaje intwaro barashe mu nama nshingamateka ya Iran no ku ntatemwa ya Ayatollah Khomeini mumugwa mukuru Tehran.
Umuntu umwe yitwaje inkoho yarashe mu nama nshingamateka akomeretsa uwujejwe umutekano umwe.Uwabibonye yabwiye itangaza makuru rya Reuters ko vyari vyaheze.Abashizwe umutekano ni bo bari buzuye hagati n’inyuma y’inyubako y’inama nshigamateka.
Uwahoze ari prezida wa Iran Rafsanjani yapfuye
Ubwato bwa Amerika bwagize ingorane mu mazi ya Iran
Abanye Iran ntibazaja i Mecque uyu mwaka
Itangaza makuru rya Iran, IRIB, ryasubiyemwo umushingamateka umwe yavuze ko hariho abariko bararasa benshi mu nama nshingamateka bari bafise inkoho zo mu bwoko bwa AK-47.
Iryo tororokanirizo ry’amakuru rivuga ko abajejwe umutekano babiri bakomeretse.
Inkuru zivuga ko ukurasana ku ntatemwa ya Ayatollah Khomeini kwabereye igihe kimwe.





