Ubushikiranganji bw’ubutungane muri Amerika buzagira amatohoza yo kumenya nimba abakozi ba FBI baragigiraga umukandida kumwanya w’umukuru w’igihugu Donald Trump mu gihe cyo kwiyamamaza yo mu 2016.
Muri Twett, Trump yavuze ko ashaka kumenya nimba uwo yasubiriye yaratanze uruhushya rwo gukora ibyo bintu.
Ibyo bivuzwe nyuma y’aho bimwe mu binyamakuru byo muri Amerika bivugiye ko FBI yari ifite abantu yabonanaga nabo mu gihe Trump yari mu kwiyamamaza.
Mueller ‘aragabisha Trump ko ashobora kurengutswa kwisigura’
Trump: Isakwa ry’ibiro by’umushingwamanza Michael Cohen’ni ibiterasoni’
Trump arabeshyuza ko ashaka kwirukana umunyamategeko Mueller
Icyegera cy’umushikirizamanza mukuru Rod Rosenstein yavuze ko ingingo zizafatwa mu gihe haba harabaye ubwo busumyi bw’urusaku.(Hacers)kwiba amabanga ukoresheje ikoranabuhanga.
“Mu gihe hoba hari uwiyoberanije cangwa yacunze abari mu myiyamamazo ya perezida kubera inyifato itabereye, turakeneye kubimenya hanyuma hafatwe ingingo bijyanye,” ni ko Rosenstein yabishikirije mw’itangazo.
Hasanzwe hari amatohoza ariko arakorwa ku bintu bimwe bimwe bijyanye n’ukwiyamamaza kwa Trump mu 2016 , kandi n’uko Uburusiya bwaba bwaragerageje kuyivangamo.





