HomeJusticeUmuganga yahagaritswe mu kazi mu kubaga uwutariwe muri Kenya

Umuganga yahagaritswe mu kazi mu kubaga uwutariwe muri Kenya

Umuganga yahagaritswe mu kazi inyuma yaho yitiranije abarwayi, abaga mu mutwe umuntu bitari bikenewe ko abagwa, ku bitaro by’i Nairobi Kenyatta National Hospital.

Umurwayi umwe yarakeneye kubagwa bitewe nuko amaraso yavuriye mu bwonko, uwundi nawe akaba yarakeneye kuvurwa ikibyimbe.

Byari bikenewe ko uwo amaraso yavuriye mu bwonko abagwa ningoga ariko haciye habagwa uwo muntu yarafite ikivyimbe ku mutwe.

Uwamubaze yamenye ko yihenze amaze kumwugurura umutwe.Uyoboye ibitaro avuga ko uwo muntu yabazwe ku makosa ariko aratora mitende, ko itohoza ririko rirakorwa.

Abaganga bo bashigikiye mugenzi wabo, basaba ko hohanwa abanyuranije udukaratasi twambikwa abarwaye ku kuboko, dusobanura ibyo umuntu arwaye.

Umugwi nyobozi w’ibitaro wavuze ko ari ubwa mbere ibintu nkivyo biba.Wasabye ko woshikirizwa icyegeranyo ku vyabaye, ukaba utegekanya kwumviriza abafite uruhara mu byabaye.

RELATED ARTICLES
- Advertisment -
Google search engine

Most Popular

Recent Comments