HomeEconomyUruganda rwa Nissan yakoze imodoka itwarwa mashanyarazi ishika kure

Uruganda rwa Nissan yakoze imodoka itwarwa mashanyarazi ishika kure

Ikigo gihingura imodoka cyo mu Buyapani, Nissan, cyakoze imodoka nshyashya yitwa Leaf igendeshwa nashanyarwanzi (électricité) ishika kure, ngo ishobore guhiganwa kw’isoko rigezweho ry’imiduga igendeshwa nashanyarazi.

Iyo modoka nshyashya ya Leaf ishobora kugenda ibice 50% byiyongera kubyo iyahahora yagenda, ibateri yujujwe rimwe gusa, niko iryo hinguriro rivuga.

Bivugwa ariko ko itarashikira izindi modoka zikoreshwa umuyagankuba zikogwa n’amahinguriro Tesla na General Motors.

Imodoka zirenga 283000 zo mu bwoko bwa Leaf zaragurishijwe n’iryo hinguriro ryo mu Buyapani kuva igihe ritanguye kuzigurisha mu 2010, bigatuma ziba iza mbere nyinshi zigendeshwa n’umuyagankuba zisohotse kw’isi.

Imodoka nshyashya yo mu bwoko bwa Leaf izogurishwa mu Buyapani kuva mu kwezi kw’icumi, ahandi mu ntango y’umwaka uza, izashobora kugenda urugendo rurerure biturutse ku bateri ifite y’umwihariko ya kilowatt 40.

RELATED ARTICLES
- Advertisment -
Google search engine

Most Popular

Recent Comments