HomeNewsAmerika: Tuzakoresha inguvu za gisirikare kuri Korea ya ruguru

Amerika: Tuzakoresha inguvu za gisirikare kuri Korea ya ruguru

Amerika ivuga ko izakoresha inguvu za gisirikare kuri Korea ya Ruguru “igihe bizaba ngombwa” kubera igeragezwa ry’igisasu gishika kure ryakozwe n’icyo gihugu.Uwuserukira Amerika muri Onu Nikki Haley yavuze ko hari ibindi bintu bishasha bigiye gusabwa Korea ya ruguru n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU.

Yasobanuye ko iryo geragezwa ari iterabwoba rya gisirikare uretse kugabisha ibihano by’ubucuruzi.Iryo geragezwa ry’icyo gisasu, giherutse kugirwa vuba ugereranije n’ayandi aheruka ryarenze ku ngingo ya ONU.

Amerika na Korea Yepfo mu myimenyerezo inyuma y’itera rya ICBM

Trump yagirije Korea ya ruguru gutwaza igikenye kubera urupfu rwa Otto Warmbier

Muri ico gihe nyene, umushikiranganji wo kwivuna abansi, James Mattis na mugenzi we w’Ubuyapani, Tomomi Inada, bavuze ko iryo geragezwa ari agasomborotso kadashobora kwihanganirwa.

Inkuru yatanzwe n’ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bwavuze ko abo bagabo babiri bavuganye kuri telefone aho uwa Amerika Gen Mattis yavuze ko igihugu ciwe kizobandanya gukingira Ubuyapani.

Umupfasoni Haley yavuze ku umunsi wa gatatu ko igeragezwa ry’igisasu gishyika kure cya Korea ya ruguru, ICBM, cyibangamiye icyizere cyo gushakira hamwe igisubizo biciye mu biganirotora.

“Amerika yiteguye gukoresha ubushobozi bwose bwayo mu kwitegura hamwe n’ababashyigikiye”. ni ko yabwiye akanama ka ONU kajejwe umutekano, mu nama y’igitaraganya yo kuganiriramwo ibyerekeye Korea ya ruguru.

“Bumwe mu bushobozi bwacu ni igisirikare. Tuzobukoresha “igihe vyoba ngombwa” kubikora, ariko twipfuza kutirirwa turashika hiyo hose”, ni ko yavuze.

Umupfasoni Haley, avuga ko yavuganye ibyo icyo kibazo na prezida, yavuze ko Amerika kandi ishobora guhagarika imigenderanire y’ubudandaji bafitaniye n’ibihugu bibandanya gukorana na Korea ya ruguru, birenze ku ngingo ya ONU.”Tuzabangamira ibihugu bikomeza  imigenderanire y’ubucuruzi n’ubwo butegetsi budakurikiza amategeko”, ni ko yavuze.

RELATED ARTICLES
- Advertisment -
Google search engine

Most Popular

Recent Comments