HomeNews"Kuba ubwato bw'Amerika bwagiye mukirwa cy'UBUSHINWA ni agasomborotso"(ubuhanuzi)

“Kuba ubwato bw’Amerika bwagiye mukirwa cy’UBUSHINWA ni agasomborotso”(ubuhanuzi)

Ubushinwa bwavuze ko kuba ubwato bwa Amerika bwaciye iruhande y’izinga ririmwo amatati riri mu bumanuko bw’ibahari y’Ubushinwa ko ari agasomborotso ka politike na gisirikare.Ubwato bwa USS Stethem bwaciye iruhande y’izinga ririmwo kutumvikanaho na bimwe mu bihugu,ikirwa  cya Triton, rimwe mu mazinga yiyitirirwa n’Ubushinwa hamwe n’ibindi bihugu.

Ubushinwa bwaciye burungika ubwato bw’intabara hamwe n’indege kuri iryo zinga.Amerika yahaye gasopo Ubushinwa ku birwa byo mu nyanja y’amajyepfo Ibyo byabaye imbere y’umwanya muto abategetsi b’ivyo bibiri bagira baganirire kuri telefone.

Amerika yagiye iragabisha Ubushinwa ku ngingo yabwo yo kwigarurira amazinga ari mu karere karimwo amatati, ariko ico gihugu kivuga ko kibikora kubera kibifitiye uburenganzira.Ubushinwa buvuga ko buzakora uko bushoboye mu gucungera umutekano wabwo.

Bwanebaguye kandi Amerika ko isomoza mu matatati ari muri ako karere kubera ko imigenderanire iri hagati y’Ubushinwa n’ibihugu bibanyi vyo mu bumanuko yari yifashe neza.

Iryo zinga ritoya kandi ryitirirwa n’igihugu cya Vietnam na Taiwan.Ubushinwa buri mu ntambara yo kwigarurira uturere turi mu mazi yabwo n’ay’ ibihugu bituranye bwinshi, hashize imyaka itari mike.

RELATED ARTICLES
- Advertisment -
Google search engine

Most Popular

Recent Comments