HomeJusticeIbinogo 10 bihambwemwo abantu ikivunga muri RDC

Ibinogo 10 bihambwemwo abantu ikivunga muri RDC

Ubutegetsi muri RDC buvuga ko bwatoye ibibanza birenga 10 bihambwemwo abantu ikivunga mu ntara ya Kasai, aho abasirikare ba leta n’imitwe irwana ishinjwa kwica abanyagihugu.

Umucamanza w’igisirikare Gen Joseph Ponde yavuze ko azi neza ko ubwo bwicanyi bwakozwe n’abarwanyi ba Kamuina Nsapu bamaze imisi bahanganye n’igisirikare cya leta.

Abarenga 3000 baramaze kwicwa muri RDC

Intambara zahitanye abarenga 100 mu ntara ya Kasai

Mu cyumweru gishize, ishyirahamwe mpuzamahanga ONU, yerekanye amakenga ku bwicanyi bukomezaa gukorerwa abanyagihugu  buri joro muri iyo ntara, aho  abantu bashyika ibihumbi bibiri bamaze kwicwa mu gihe cy’amezi atatu.

ONU kandi iragiriza igisirikare cya Congo ko ari cyo gikora ivyo byaha byo mu ntambara.Ariko akanama kadasanzwe kagize amatohoza kavuga ko nta byaha byo mu ntambara byakozwe, kandi ko nta ntambara izwi iriho irabera mu karere ka Kasai.

Bivugwa ko bamwe mu basirikare bafashwe amashusho kuri video bariho bararasa abanyagihugu batitwaje ibirwanisho.

RELATED ARTICLES
- Advertisment -
Google search engine

Most Popular

Recent Comments