HomeNewsIndege ya gisirikare y'Uburusiya yahakije iya USA muri Baltique

Indege ya gisirikare y’Uburusiya yahakije iya USA muri Baltique

Indege y’Uburusiya yaciye hejuru y’imetero eshanu hejuru y’iy’Amerika hejuru y’ikiyaga cya Baltique ku wa mbere, nk’uko bivugwa n’abategetsi ba Amerika.Ibyo byagaragaye ko bitari byubahirije amategeko n’umutekano kubera umuvuduko munini w’izo ndege ko ari ebyeri, nk’uko abo bategetsi babivuga.

Ariko Uburusiya bwamaganiye kure ibyo bivugwa, buvuga ko iyo ndege y’Amerika yasomborokeje iyo Uburusiya.Ku musi mbere, Uburusiya bwavuzeko, indege z’Ameica arizo  zinyura  mu kirere cya Syria zizamanurwa.

Iryo tangazo ryari iryo kwishyura kw’ihanurwa ry’indege ya Syria nyuma y’aho igiriye ibitero kubarwanyi bafashwe mu mugongo na Amerika.

Ku musi wa kabiri, igisirikare ca Amerika carakoroye indege itagira umudereva y’igihugu ca Iran mu gihugu ca Syria, bituma vyongereza ukurabana ribi habati ya Amerika na’Uburusiya busanzwe bufashe mu mugongo igihugu ca Syria.

Indege y’Uburusiya yo mu bwoko bwa Su-27 iriho iraca ku metero zitanu hejuru y’iy’ Amerika

Ako gasomborotso ko ku musi wa mbere kabereye ku birometero 40 uvuye mu karere ka Kalinigrad mu mazi mpuzamakungu yegukira igihugu c’Uburusiya.

Umuvugizi w’igisirikare cya Amerika, Jeff David yabwiye abamenyeshamakuru ko: twari hejuru y’amazi mpuzamakungu ntitwigeze tugira agasomborotso na kamwe.

Save

Save

RELATED ARTICLES
- Advertisment -
Google search engine

Most Popular

Recent Comments