Abashingamateka muri leta Zunze Ubumwe za Amerika bamenyesha ko umwe mu bategetsi bakorera mu biro bijejwe kwakira impunzi n’abimukira, Thomas Homan, yababwiye ko hafi abimukira bose batagira ibyangombwa bazofatwa kandi bakirukanwa k’ubutaka bwa Amerika. Ibyo Homan yabishikirije m’umubonano yagiranye n’abashingamateka b’aba Demokrate bashika kuri cumi, kur’uyu wa kane. Ni mu gihe abandi bari basabwe kujurira.
Prezida Donald Trump yatanze itegeko, mu cyumweru ya mbere atangiye amabanga ye, iryo tegeko rivuga ku bijanye n’abimukira muri rusange. Prezida Trump yatangaje ko abantu benshi binjira muri Amerika bidaciye mu mategeko, n’abarenza igihe cy’impapuro zabo z’ingendo babangamiye bikomeye umutekano wa Amerika.
Abashingamateka babonanye kur’uyu wa kane nabashinzwe impunzi bababwirwa yuko abimukira bagera kuri magana atandatu na mirongo inani n’abatandatu 686 bafashwe mu cyumweru gishize, abagera kw’ijana na makumyabiri[120] muribo ata cyaha baregwa. Linda Sanchez, Umushingamateka w’umu Demokrate muri leta ya Californie avuga ko Ibiro bijejwe kwakira impunzi n’abimukira byatangaje ko uyu mwaka abatari bake muribo bazirukanwa k’ubutaka bwa Amerika.





