Mw’ibaruwa umunyamabanga mukuru wa Comesa Sindiso Ngwenya yandikiye umushikiranganji w’Uburundi ajejwe ubudandaji, amahinguriro n’ingenzi Pelate Niyonkuru yamubwiye ko Uburundi butagize imyiteguro ihagije yo kwakira inama y’inzego za Comesa, iy’abakuru b’ibihugu b’uwo muryango hamwe n’abatambukanyi babo.
Umunyambanga mukuru wa Comesa arasigura zimwe mu mpamvu zatumye ibihugu bigize uwo muryango bisibya inama yobereye I Bujumbura muri uyu mwaka. Ngwenya ahanini atanga uturorero tw’utuzu twa surwumwe tudakwiye ku bantu bose bo kwitabye iyo nama, ama hoteri atari ku rugero rushemeye, ivyumba biberamwo ama nama bidakwije ibisabwa n’amategeko ,imiduga y’abubahwa cyane cyane abakuru b’ibihugu itigeze yerekanwa n’ubwo umugwi wa Comesa waje I Bujumbura wemejwe ko iriho hamwe n’urugero rwa internet rudakwiye.
ibiro by’umunyambanga mukuru wa Comesa bivuga ko ku bijyanye na internet inama ikeneye nibura nka mega ogtet 20 ariho ashobora kuboneka akaba atarenga atanu. Kubijyanye n’imodoka zakoreshwa n’abandi bantu bazaba bari mu ma nama, umunyambanga mukuru wa Comesa asobanura ko intumwa yarungitse mu Burundi zasanze amashirahamwe yose zagendeye ata na rimwe rifite umubare w’imodoka ikenewe.
Izo ntumwa za Comesa zitotombera kandi ko zahawe imodokari imwe gusa, mu gihe zariho zigendera ahantu bitandukanye nk’ama hoteri n’bindi zireba ko ibikenewe byose byatunganijwe. Zimenyesha ko iyo zihabwa uburyo bukwiye bwo buzishoboza kugera ahantu hatandukanye ahari zari kubona ibindi byinshi.
Bwana Sindiso Ngwenya amenyesha ko itunganywa ry’iyo nama y’ibisata vya Comesa n’abakuru b’ibihugu n’abakenyezi babo riri ku bitugu vyiwe agasigurira umushikiranganji Pelate Niyonkuru ko bitagikunze ko iyo nama ibera mu Burundi.
Iyi nama ya Comesa n’ubwo hafashwe ingingo yo kuyisibya, hari ama nama atari make yo ku rwego rwa Afrika n’uturere yaramaze imisi abera I Bujmbura. Twovuga nk’iy’umunyamabanga nshingwabikorwa w’ishirahamwe mpuzamakungu ry’ibihugu bigize ibiyaga binini bya Afrika CIRGL n’umunyamabanga mukuru wa Afrika y’ubuseruko EAC, iy’abashikiranganji b’ibigega vya Leta n’imigambi b’ibihugu vy’umuryango wa Afrika yo hagati CEEAC , iy’abahuza bo muri Afrika n’abo mu gisata cy’abikorera ku giti cyabo, hamwe na bafatanya bikorwa n’Uburundi.
Mbere na Perezida Nkurunziza mu mpera z’ukwezi kwa gatandatu uyu mwaka yari yasabye ibihugu byo muri EAC gutunganiriza ama nama menshi mu gihugu cyiwe. Yariho yugurura cyo kwibuka imyaka [10] Uburundi bumaze muri uwo muryango.
Amategeko agenga Comesa avuga ko mu gihe igihugu bikinaniye gutegura neza inama z’uwo muryango zihise zimurirwa I Lusaka muri Zambiya ku cicyaro cyawo. N’ubu hamwe ata kindi gihugu cyo kwerekana ko cyiteguriye kwakira ayo ma nama niko bizoca bigenda.
Inama z’ibisata bya Comesa zaheruka gutunganirizwa muri Ethiopia mu mwaka w’I 2015 ari naho Uburundi bwari bwasabiye gutunganya iyikurikira yo muri uyu mwaka w’I 2017.
Umumenyeshamakuru w’Ijwi ry’Amerika i Bujumbura mu Burundi Eloge Willy Kaneza ni we utugezaho iyi nkuru.






