HomeJusticeUmuyaga w'Indege wahitanye umwe muri Nouvelle Zelande!

Umuyaga w’Indege wahitanye umwe muri Nouvelle Zelande!

Umupfasoni umwe wo mu gihugu cya Nouvelle Zelande yapfuye mw’izinga rya Caraibe inyuma y’aho umuyaga uva mu moteri y’indege umukubitiye hasi.

Ibyo byabereye ku kibuga cy’indege kizwi kw’izina rya Princess Juliana kiri ku metero zike uvuye kw’ibahari.Abantu bariko barinezereza kw’ibahari barashobora gutambuka gushika kuri ico kibuga kureba uburyo indege ziguruka.

Igipolisi kivuga ko uwo mugore w’imyaka 57, yari afashe uruzitiro rw’icyo kibuga cy’indege imbere y’uko umuyaga mwinshi uvuye mu moteri umuhenurira inyuma, aho yaciye akomereka cyane.Yaciye anyarukanwa kwa muganga ariko mu nyuma yatinze yitaba Imana.

Ako karere karakunzwe n’ingenzi kubera indege zica hagufi cane imbere y’uko zigwa kuri ico kibuga cy’indege kiri hagufi cyane.Ibarabara ry’indege riri ku metero 50 uvuye ku ruzitiro zikaba ari nk’izo metero nyine uvuye ku inyanja.

RELATED ARTICLES
- Advertisment -
Google search engine

Most Popular

Recent Comments