Mu gihe abari mu nama ya G20 bariho biga ku kibazo ca Afrika, umukobwa wa perezida wa Leta zunze Ubumwe za Amerika yagaragaye mu nama mu kibanza se yari yicayemo.Abategetsi bari bageze ku bibazo by’abimukira n’ibireba ubuzima y’abantu.
Amafoto yakwiragijwe kuri Twitter yerekanye Ivanka Trump yicaye hagati ya perezida w’ Ubushinwa Xi Jinping n’umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza Theresa May.
Muri icyo gihe bwana Trump yariko mu mibonano n’bategetsi b’Ubwongereza na Indenoziya umwe umwe ukwe.Abenshi ku mbuga hwaniro banebaguye iyi nyifato ya Trump yo gusiga umukobwa wiwe mu mwanya we.
Bamwe bagize bati : ‘Mbega uyu muhanga mw’imurika ry’imyambaro yatowe na nde, ngo abe afite ububasha bwo kwicara mu nama ihambaye nk’iyo’?.Abandi bavuze ko ari ubwa mbere babonye ibintu nk’ibyo Trump yakoze.
Trump ubwiwe yamaze umwanya muto aca aragaruka mu mwanya we.Ifoto y’umukobwa wiwe yicaranye n’abo bategetsi mu kibanza cya se yatanzwe ubwa mbere kuri Twitter n’uwari mu baserukiye Uburusiya.
bwana Trump yashimiye Angela Merkel ku gikorwa ciza yagize mu guhamagaza iyo nama y’abakuru b’ibihugu G20, n’ubwo habaye imyiyerekano iyerekeye





