Inyandiko zo mw’ibanga z’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ziragiriza Urwanda kwijiza no kwigisha mu bagwanyi impunzi z’abarundi mu ntumbero zo gukura ku butegetsi prezida w’uburundi, Pierre Nkurunziza.
Inkuru zitangwa n’itangaza makuru rya Reuters, icyo cyegeranyo cy’abahinga ba ONu bakurikiranira hagufi ibihano byafatiwe igihugu cya RDCongo kivuga ko izo nyigisho zitangirwa mw’ikambi iri mw’ishamba mu gihugu cy’Urwanda, nk’uko byandikwa na Reuters.
Abo bahinga bavuga muri icyo cegeranyo ko bavuganye n’abarwanyi 18 b’abarundi, mu buseruko bw’intara ya Kivu yo mu Bumanuko, mu gihugu cya RDC, nk’uko bibandanya byandikwa n’iryo tangaza makuru.
“Bose babwiye uwo murwi yuko binjijwe mu barwanyi bavuye mw’ikambi y’impunzi ya Mahama, mu buseruko bw’Urwanda mu kwezi kwa gatanu n’ukwa gatandatu mu mwaka 2015, baca bigishwa igisirikare amezi abiri, kandi mu babigisha harimwo abasirikare b’Urwanda,” uko ni ko Reuters isubiramwo ivyanditse muri ico cegeranyo.
Uhagararira igihugu cy’Urwanda muri ONU, Eugene Gasana, yahakanye ibyo icyo gihugu cyagirizwa biri muri icyo cyegeranyo, yabwiye Reuters ko, “ Ibyo biza kugira ingaruka mbi ku cyizere cy’uwo murwi w’abahanga, biboneka ko barenze akarimbi mu kurenga k’uvyo bari bajejwe, kuko biboneka ko bagize amatohoza ku Burundi.”
Impunzi zijyanwa gukora igisirikare

ONU ivuga ko abantu barenga 400 bamaze kubura ubuzima kuva mu kwezi kwa kaneUburundi buri mu matatu kuva mu kwezi kwa kane, kuva aho prezida Pierre Nkurunziza amenyeshereje ko azitoza mu kiringo kigira gatatu co kurongora igihugu, amatora yatinze aba yongera aratsinda.
