Home News Urukiko rukuru rwikirenga rwananiwe gufata icyemezo ku ngingo ku matora yo muri...

Urukiko rukuru rwikirenga rwananiwe gufata icyemezo ku ngingo ku matora yo muri Kenya

0

Sentare ntahinyuzwa ya Kenya yananiwe kwumviriza urubanza rwo kwunguruza amatora kubera abacamanza batari bakwiye.

Umucamanza mukuru David Maraga havuze ko bamwe mu bacamanza bari hanze y’igihugu abandi na bo bakaba batashoboye gushika muri sentare kubera imvo zitandukanye.

Abitwaye ni abanyagihugu batatu bavuga ko akanama kajejwe gutegura amatora kadashobora gukoresha amatora ata ho yegamiye kandi yo mu muco.

Umucamanza mukuru yari muri sentare bari kumwe n’umucamanza wundi Isaac Lenaola bonyene.

Icegera c’umucamanza mukuru Philomena Mwilu ntiyashoboye kuza muri sentare inyuma y’aho umushoferi wiwe arasiwe ejo ku mugoroba.

Translate »
Exit mobile version
Skip to toolbar