Prof Githu Muigai, umushingwamanza mukuru wa leta ya Kenya yatanze imihoho, nyuma y’iminsi agabishije utavuga rumwe na leta, Raila Odinga, amwagiriza guhemukira igihugu.
Inkuru y’itanga ry’imihoho rya kizigenza mu bahanura leta mu by’amategeko yatangajwe n’umukuru w’igihugu, Uhuru Kenyatta.
Mu butumwa kuti twitter, umukuru w’igihugu yavuze ko ababajwe n’uburyo budasanzwe Prof Muigai avuye mu mabanga yiwe.
Ntibizwi neza igitumye uyu mwigisha wa kaminuza mu by’amategeko, yari amaze imyaka itandatu ahagarariye leta mu by’amategeko, atanga imihoho.

Mu bihe biheze yarumvikanye cyane ashyigikira leta mu bibazo bitumvikanwaho na bose.
Imbere y’uko haba ukwirahiza kw’umukuru w’abatavuga rumwe na leta, Raila Odinga, mu kwezi guheze, Prof Muigai yari yagabishike ko azokwagiriza uwo munyepolitike ibyaha by’ubugambanyi ku gihugu.
Prof Muigai yarigeze kuba intumwa idasanzwe y’ishyirahamwe mpuzamakungu ONU, ijejwe gutohoza ku bijyanye n’ivanguramoko rifatinye ku rukoba mu bihe bya none, hamwe n’ibindi bijyanye no kutihanganirana.
Andi makuru kuri Kenya:
Umucamanza mukuru muri Kenya yahaye gasopo guverinoma
Kenya ivuga iti “Miguna si Umunyakenya!”, arirukanwa
Umwe mu bitavye kurahira kwa Odinga muri Kenya yafashwe