Prezida Donald Trump wa Leta Zunze Ubumwe za Amerika yavuze ko ariko araraba ingene yohagarika Uburusiya ku “ngeso yaco yo gukorogana”.Inyuma yo kubonana na mugenzi we w’igihugu cya Pologne, Andrzej Duda, mu rugendo arimwo i Varsovie, yavuze ko Amerika yiyemeje kubumbatira amahoro mu karere k’Uburaya bwa hagati n’ak’ubuseruko.
Yashimiye igihugu cya Pologne kuba intangarugero mu kuriha intwererano yayo mu muryango wo kwivuna umwansi, muri OTAN.Bwana Trump yitezwe gushyikiriza ijambo rikomeye ku migenderanire hagati ya Amerika n’Uburayi, aho ashobora kubaza ikibazo kivugwa cyane niba Uburayi bwifuza kugumaho.
Ku wa gatanu, nibwo hateganijwe kubonana kw’Abaperezida bombi, mu Budagi.Umuvugizi wa Kremlin yiyamirije imvugo ya Trump, ko Uburusiya ari igihugu kidurumbanya ibindi ibihugu.