Umuvugizi w’inama nkuru y’Abepiskopi muri Kongo, patiri Donatien Nshole yagize ati: “Duhamagariye Abanyekongo kuguma bahagaze kandi bari maso, baharanire kazoza kabo kandi bazibire mu mahoro n’umutekano abipfuza kwigarurira igihugu baciye kubiri n’inzira za demokarasi”.
Yabishyikirije mu kiganiro yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru kur’uyu wa kane.
Ku musi wa kabiri, intumwa zaserukiye Abepiskopi Katolika muri RDC barakiriwe na Perezida wa Kongo Brazaville, Denis Sassou Nguesso mu ntumbero yo gukinga icoshika, ibyatumye imigenderanire hagati ya reta na Ekleziya Katolika itosekara.

Amatora yo gutegura uwuzamusubirira ategekanijwe kw’italiki ya 23 z’ukwezi kwa cumi na kabiri 2018.