HomeNewsIntambara ya lll y'Isi yose,ishobora gutangizwa n'umugabane w'Asia.

Intambara ya lll y’Isi yose,ishobora gutangizwa n’umugabane w’Asia.

Turkiya ishaka kworosha ibintu n’Uburusiya

Umushikiranganji wa mbere wa Turkiya, Ahmet Davutoglu, yavuze ko azokorana n’Uburusiya kugira bahoshe uruhagarara nyuma y’iraswa ry’indege y’Uburusiya kuwa kabiri.

Bwana Davutoglu yavuze ko iraswa ry’iyo ndege atari igikorwa gitumbereje igihugu kinaka, ngo yari Turkiya iriko irarinda ubutaka bwayo.

Mw’ijambo yashikirije kare, umukuru w’igihugu w’u Burusiya, Vladimir Putin, yavuze ko bidasigutse gushaka kuvuga ko Turkiya itamenye ko iyo ndege yari iy’Uburusiya.

Bwana Putin kandi yavuze ko Uburusiya bwemeye gukorana vya hafi n’Ubufaransa hamwe na Amerika mu kurwanya Islamic State muri Syria.

RELATED ARTICLES

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here

This site uses Akismet to reduce spam. Learn how your comment data is processed.

- Advertisment -
Google search engine

Most Popular

Recent Comments