Inkona nini cyane yari yafatiwe mu gihugu ca Liban ikekwa ko yarungitswe mw’iperereza rya Israel,ni kigo cy’iperereza rya MSSAD,iyo nkona yaje kurekurwa nyuma yogusanga nta bimenyetso bgaragaza ko yari yatumwe mu bikorwa byubutasi. abajejwe umutekano ba Onu babujije abaturage kugira icyo bayitwara nyuma yuko abashinzwe ibikoko muri Israel bitabaje inzego za ONU.
Iyo nyoni ifite amababa areshya na metero1.9, yagiye iva mu kibanza bororeramwo ibikoko muri Israel, yinjira muri Liban aho yafatiwe, bahita bayfunga.
Batangiye kuyikeka inyuma yo kubona ko ifite icyuma gituma bayikurikirana aho iroye hose.
Abakozi bajejwe kurinda ibikoko byo mw’ishamba bavuga ko iyo nyoni y’inkona yavuye muri Espagne mu mwaka uheze, irafatwa hanyuma iza kurekurwa mu kwezi guheze mu kibanza bororeramwo ibikoko rya Gamla, kiri mu karere ka Golan Heights, kagenzurwa na Israel.
Abakozi bo kuri kaminuza ya Tel Aviv, cafashije mu kumenya aho iyo nyoni igeze bakoresheje icuma ca GPS, bavuze ko iyo nkona yari yashizweko izina ku mababa yayo, kandi yari yambwitswe impeta yanditseko “Tel Aviv Univ Israel.”
Abategetsi ba Israel bagiye kumenya ko iyo nyoni yafashwe inyuma yo kubona ifoto, zerekana iyo nyoni ipfunzwe, zitanguye gukwiragira ku mbuga ngurukanabumenyi.
EPAMOTI DOLEVISRAEL NATURE AND PARKS AUTHORITY Image caption Iyo nyoni irekuwe babifashijwemwo n’abajejwe umutekano ba Onu
“Biciye mu bikorwa bitoroshe tubifashijwemwo n’abajejwe umutekano ba Onu, ubutegetsi bujejwe ibibanza bororeramwo ibikoko muri Israel, bwarashoboye kugarukana iyo nkona, yari yafashwe mu misi mike iheze n’abanyagihugu ba Bint Jbeil, muri Liban,” ni ko inkuru yatanzwe na Israel ku musi wa gatanu zivuga.
Ibimenyeshamakuru vyo muri Liban bivuga ko abo banyagihugu bemeye kurekura iyo nyoni, bimaze kugaragara ko idakoreshwa mu bikorwa vy’iperereza. Ubu iyo nyoni iriko iravugwa aho yari yakomeretse.
Si ubwa mbere inkona ifatirwa mu burasirazuba bwo hagati, yiketswe ko “iri mu gikorwa c’iraperereza” rya Mossad.
Igihugu ca Arabia Saudite carafashe inyoni nk’iyo mu gisagara ca Hyaal, mu mwaka 2011





