Home News Benjamin Netanyahu Yakeje Prezida Donald Trump

Benjamin Netanyahu Yakeje Prezida Donald Trump

0

Umushikiranganji wa mbere wa Israeli, Benjamin Netanyahu, yatangiye inama y’abashikiranganji kur’iki cyumweru  ahejeje kuvugana n’Umukuru w’Igihugu mushyashya wa Amerika, Prezida Donald Trump. Netanyahu yatangaje ko Prezida Trump yamutumiye kubonana nawe mu kwezi kuza, hanyuma ariko akaba  ntacyo yavuze kubijanye nuko baba bavuganye iyunguruzwa ry’ibiro bya ambasade ya Amerika mu gisagara cya Yerusalem.

Ikibazo c’iterabwoba rya isilamu kiri mu vyatandukanije Prezida Barack Obama yahora aramutswa Amerika, na Netanyahu. Ni mu gihe Netanyahu avuga ko Isilamu ariyo ibangamiye umutekano wa Israyeli, n’ibihugu vya Buraya, akavuga ko Obama yatandukanije icyo kibazo n’icya Palestine, mu kugifata nk’uburenganzira bwo kwidegemvya.

Benjamin Netanyahu amenyesha ko hari ibibazo bitandukanye atumvikanyeko n’uwahora arongoye Amerika, nk’ikibazo cya Siriya, ibikoresho ruhonyanganda bihingurwa na Irani, n’ikibazo rero cy’akarere ka Cisjordanie, Israyeli yigaruriye, ari nako kagize amatati ya Israyeli na Palestine.

Kur’iki cyumweru, Israeli ikaba yatangaje ko har’umugambi wo kubaka izindi nyubako zishika ku majana atanu na mirongo itandatu na zitandatu, mur’ako karere ka Cisjordanie.

Netanyahu amenyesha ko intwaro ya Prezida Obama yahagaritse ivyo bikorwa, yamara ko yizeye ko intwaro nshasha ya Prezida Tump izoborohereza mur’icyo gikorwa.

 

Save

Translate »
Exit mobile version
Skip to toolbar