HomeNewsAbayisilamu Biyamirije Ingingo ya Trump Kuri Yeruzalemu

Abayisilamu Biyamirije Ingingo ya Trump Kuri Yeruzalemu

Perezida Recep Tayyip Erdogan wa Turkiya na Perezida w’ubutegetsi bw’Abanyapalestina Mahmoud Abbas
 Abategetsi b’ibihugu bigizwe ahanini n’abayislamu biyamirije ingingo ya perezida wa leta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump, y’ukwemera kw’igisagara cya Yeruzalemu kiba umurwa mukuru w’igihugu cya Israeli. Bisobanura ko biciye kubiri n’amategekeo mpuzamakungu.

Iyo nama mu gihugu cya Turikiya ibaye mu gihe hari uruhagarara mu bihugu byo mu karere ko mu buseruko bwo hagati, hamwe n’ibinebaguro bibandanya kwiyongera ku ngingo ya Perezida Trump ku byerekeye igisagara cya Yeruzalemu.

Inama iriko ibera mu gisagara cya Istambul, yateguwe n’ishyirahamwe ry’ibihugu 57 by’abayisilamu. Turikiya ni yo iyoboye iryo shyirahamwe mur’iki gihe. Iyo nama yihutirwa yatumweho na perezida wa Turkiya, Recep Tayyip Erdogan.

Perezida Erdogan yamenyesheje ko yatumiye ibihugu 57 by’abayislamu biha agaciro amategeko mpuzamakungu kandi bibona igisagara cya Yeruzalemu cyigaruriwe na Israyeli ar’umurwa mukuru w’Abanyapalesitina.

Perezida w’ubutegetsi bw’Abanyapalestina, Mahmoud Abbas yatangaje ko ingingo ya Perezida Trump yemera igisagara cya Yeruzalemu ar’umurwa mukuru wa Isreal ari icyaha.

Perezida Abbas yamenyesheje ko abanyapalestina batazemera uruhare rwa Amerika mu mugambi w’amahoro kuva mur’iki gihe. Yavuze ko Amerika ihengamiye ku ruhande rwa Israeli.

RELATED ARTICLES
- Advertisment -
Google search engine

Most Popular

Recent Comments