HomeNewsAkaguma ko kwiyamiriza kwitoza kwa Prezida Nkurunziza karabandanya mu Burundi

Akaguma ko kwiyamiriza kwitoza kwa Prezida Nkurunziza karabandanya mu Burundi

Imyigaragamvyo yabandanije umunsi ugira gatatu mu bice bimwe vy’umurwa mukuru Bujumbura, biyamiriza ingingo ya Prezida Pierre Nkurunziza yo kwitoreza ikiringo kigira gatatu.

Haturiwe amapine hamwe no kuzibira amabarabara, igipolisi naco gikoresha ivyuka bikoroza amarira.

Ku nshuro ya mbere imyigaragamvyo yabereye hanze y’umurwa mukuru Bujumbura.

Abapolisi babujije amajana y’abanyeshure ba kaminuza i Gitega kugira urugendo baja hagati mu muji.

Ishirahamwe mpuzamakungu, ONU, rivuga ko Abarundi bashika hafi ibihumbi mirongo ibiri na bitanu bamaze guhunga, batinya intureka zokwaduka mu matora yimirije.

Hagati aho, inama nkenguzamateka y’u Burundi yandikiye sentare y’ibwirizwa shingiro ngo itomore neza nimba umukuru w’igihugu, Pierre Nkurunziza, amategeko amwemerera gusubira kwitoza

RELATED ARTICLES

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here

This site uses Akismet to reduce spam. Learn how your comment data is processed.

- Advertisment -
Google search engine

Most Popular

Recent Comments