HomeUncategorizedAbega se bazayishyura ko ari ibisambo!!!

Abega se bazayishyura ko ari ibisambo!!!

Sentare ya Afrika ijejwe agateka ka zina muntu hamwe n’abantu ifite icicaro muri Tunisia yategetse Urwanda guha indishi y’akababaro umupafoni Victoire Ingabire irenga imiliyoni 50 z’amayarwanda.

Mw’itangazo yashize ahabona, iyo sentare ivuga ko yasanze umupfasoni Victoire Ingabire n’umuryango wiwe barakorewe ibintu bibakorako mu buzima bwabo.

“Uwitwaye, umugabo wiwe n’abana barakozweko n’ibyagiye bishyikirizwa bitesha agaciro Victoire Ingabire, kandi bakaba barababajwe cyane n’ihagarikwa hamwe n’ipfungwa ryiwe.”

Iryo tangazo rikabandanya rivuga riti: “Sentare yategetse Leta yitwariwe (Urwanda) guha uwitwaye ihazabu y’amafaranga y’amanyarwanda imiliyoni 55.”

Sentare kandi ya Afrika ijejwe agateka ka zina muntu n’abantu yategetse ko Urwanda ruriha amahera yose umupfasoni Victoire Ingabire yakoresheje mu kuburana harimo n’ayo abashingwamanza.

“Turebye ibyo yahombye, sentare yasanze ategerezwa gusubizwa amahera yakoresheje mu gukora dosiye yiwe hamwe n’amahera y’umushingwamanza, yose angana n’amafaranga y’amanyarwanda imiliyoni 10.230.000.”

 

Prezida Paul Kagame arongoye ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika muri kino gihe asabwa gutanga akarorero mu kwubahiriza ingingo ya sentare ya Afrika ijejwe agateka ka zina muntu

Ariko sentare yanse kumwishuriza amahera yoba yarakoresheje ari mw’ibohero kuko uretse ko ata mpapuro zemeza ko yayakoresheje, itangazo rivuga ko ayo mahera bayasabira uwo bapfunze hadakurikijwe amategeko.

Sentare kandi yanse ivyo Victoire Ingabire yasaba vyerekeye igipfungo yahawe c’imyaka 15 ngo kuko yari yagize ico ibivugako mu rubanza yaciye itariki 24 z’ukwezi kwa cumi na rimwe mu 2017, co kimwe no kwirekurwa ryiwe ry’agateganyo.

Urwanda rwategetswe kuba rwarishe ayo mahera bitarenze ikiringo c’amezi atandatu, bitabaye uko hakazoca haza hariyongerako inyungu hisunzwe amategeko akoreshwa muri banki nkuru ya republika y’Urwanda.

Hagati aho, urunani rw’imigambwe itanu itavuga rumwe na reta ikorera mu buhungiro Amahoro PC, FDU Inkingi, PDP Imanzi, PS Imberakuri, Rwanda National Congres (RNC) yasohoye itangazo, aho isaba prezida Paul Kagame, aramutswa ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika muri kino gihe, ko yaba akarorero keza mu kwubahiriza ingingo y’iyo sentare.

“Prezida Kagame nk’umukuru w’ishirahamwe rya Afrika muri kino gihe, n’umushikiranganji wiwe w’imigenderanire arongoye inama y’abashikiranganji ba Afrika, bategerezwa gutanga akarorero mu gushira mu ngiro izo ngingo za sentare.”

Iyo migambwe ivuga ko yihweje uko urubanza rwa mbere rwari rwaciwe n’iyo sentare ijejwe agateka ka zina muntu n’abantu, ngo reta yari ikwiriye gufuta igihano Victoire Ingabire yahawe co gupfungwa imyaka 15 haguhabwa gusa ikigongwe n’umukuru w’igihugu. Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images Image caption Umupfasoni Ingabire Victoire yagirijwe gukorana n’imigwi yitwaje iterabwoba no guhakana jenocide yakorewe abatutsi, ivyaha yagumye ahakana.

Victoire Ingabire yahagaritswe mu kwezi kwa kane mu 2010 i Kigali mu Rwanda aho yari yaje ava mu gihugu c’Ubuholande aje kwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu.

Yagirijwe gukorana n’imigwi yitwaje iterabwoba no guhakana jenocide yakorewe abatutsi, ivyaha yagumye ahakana.

Umupfasoni Ingabire yaciriwe urubanza rwo gupfungwa imyaka 15, ubu amaze hafi amezi atatu yidegmvya ku kigongwe c’umukuru w’igihugu.

RELATED ARTICLES
- Advertisment -
Google search engine

Most Popular

Recent Comments