HomeNewsUmwuka w'Inzika y'Inzigo wimukira mu gihugu cya France(igice cya (95) cy'ubuhanuzi!!?

Umwuka w’Inzika y’Inzigo wimukira mu gihugu cya France(igice cya (95) cy’ubuhanuzi!!?

Abacamanza b’ubufaransa basabye guhagarika amatohoza kw’ihanurwa ry’indege yarimo prezida Habyarimana

Umwuka w’Inzika wimukira muri France

Igice cya (95) cy’ubuhanuzi

Ibihugu vy’Ubufaransa n’u Rwanda bisa n’ibihuriye kuri Francophonie kugira imigenderanire inaguke

Abashikirizamanza b’ubufaransa basavye guhagarika amatohoza ku gitero cagizwe ku ndege gihitana uwahoze ari prezida w’Urwanda Juvenal Havyarimana, catumye haba genocide muri ico gihugu, nk’uko biri ku mpapuro AFP yabonye.

Urwo rubanza rumaze igihe kirekire rwatumye haba ukurabana ribi hagati y’ivyo bihugu bibiri, kubera kwagiriza abagwanyi b’abatutsi bari barongowe na prezida w’iki gihe w’Urwanda Paul Kagame, ko ari bo bagize ico gitero kuri iyo ndege mu kwezi kwa kane mu 1994.

Mw’itangazo ryo kw’itariki icumi z’ukwezi kwa cumi, abashikirizamanza b’Ubufaransa basavye ko ivyagirizwa abantu indwi vyoteshwa agaciro kubera abagira amatohoza batashoboye kwegeranya “ivyagiriji bikwiye”.

Ubu ingingo yanyuma izova ku mucamanza ajejwe amatohoza.

Ababuranira umupfasoni wa prezida Havyarimana, Agathe, bavuze ko ‘ingingo’ yafashwe n’abashikirizamanza “ibabaje” kandi ko “ifitaniye isano na politike”.

Igisase ca misile cakoroye indege yarimwo prezida Havyarimana hagufi y’ikibuga c’indege ca Kigali mu kwezi kwa kane mu 1994, haca haduka ubwicanyi bwamaze imisi ijana bwahitanye abantu 800.000, benshi muri bo bakaba bari abo mu bwoko bw’abatutsi.

Urwanda rwagumye bwagiriza Ubufaransa kugira uruhara muri genocide mu gushigikira reta y’abahutu, mu kubaha inyigisho abasirikare hamwe hamwe n’urwaruka rwitwaje ibigwanisho rwakoze ubwo bwicanyi.

Umurwi w’Abafaransa -Survie, usaba Ubufaransa kwemanga uruhara muri jenoside mu Rwanda

Ubucuti bwagumye bucumbagira gushika mu 2014 aho Kagame yasubiye kwagiriza abasirikare b’abafaransa ko bafise uruhara muri ubwo bwicanyi.

Ubucuti bwagiye kuba nabi gusumba igihe ubutungane bwo mu Bufaransa bufatiye ingingo mu kwezi kwa cumi mu 2016 yo gusubira gutanguza amatohoza ku woba yararashe iyo ndege, mu gihe mu bayitwara harimwo abafaransa.

RELATED ARTICLES
- Advertisment -
Google search engine

Most Popular

Recent Comments