Arabiya Sawudite kuri uyu musi w’Imana niho cakuyeho icese itegeko ryahora ribuza abagore bo mur’ico gihugu gutwara imodokari.Iyo ngingo yarashimishije abakenyezi bahora bikora ku bashoferi, abahungu bo mu miryango, amatagisi hamwe n’abandi kugira biyunguruze n’imodokari.
Ishyirahamwe mpuzamakungu ONU ryaciye risohora itangazo ku musi w’Imana nyine rivuga ko umunyamabanga mukuru waryo yakeje abagore bo muri Arabiya Sawudite ku twigoro bakoze kugira iyo ngingo ifatwe.
Antonio Guterres aremeza ko ako ari akaryo keza kazatuma haba iterambere mu butunzi ku bagore no ku gihugu.
Guterres avuga ko yipfuza ko izindi ntambuko zishikwako kugira habe ukungana ku bagore n’abakobwa mur’ico gihugu.





