Igipolisi cya Afrika y’epfo cyafashe amatungo angana na imiliyoni 15 z’amadolari kuri uyumunsi wa mbere y’abagwizatunga babiri bavukana Gupta, nk’uko byamenyeshejwe n’ikinyamakuru TimeLive.
Mubyafashwe harimo imodoka 65, kajugujugu, indege zibiri, amafaranga ari mu mabanki menshi, ibikoresho byo kubaka hamwe n’urupangu rw’uwo muryango ruri i Saxonwold mu micungararo ya Johannesburg.
Abakozi bashinzwe kwwaka imisoro n’abajejwe gufata imitungo y’abantu baje kwifatanya na polisi muri icyo gikorwa, ikinyamakuru TimeLive kivuga ko kibandanya uyu musi.
Iryo fatwa ry’ibyo bintu n’imwe mu ntambwe y’amatohoza ku bivugwa ko abo bavukanyi babiri bakoresheje nabi uwahoze ari umukuru w’igihugu wa Arika y’epfo Jacob Zuma.
Zuma yagirijwe ibiturire inyuma yo kuva ku butegetsi
Umwe mu bagenzi ba hafi ba Zuma yafashwe n’igipolisi
Izo mpande zibiri zose zikomeza guhakana ko nta makosa bakoze.Ayo matohoza agamije kugaruza imiliyoni 20 z’amadolari yo mu makompanyi menshi basanzwe bakorana yagize uruhara muri ubwo busuma bwiswe Estina dairy farm, aho ikompanyi imwe yanyururije amahera mu manyanga.Umurango wa Gupta ntukakaza kuva imbere y’aho prezida Zuma ahinduriwe kuva ku butegetsi.





