Abagira amatohoza ku birwanisho by’ubumara muri Syria bazemererwa kwinjira mu karere kavugwa ko kagizwemo ibitero by’ubumara ku musi wa gatatu, nk’uko bimenyeshwa n’Uburusiya.
Uwo mugwi mvamakungu uri muri ico gihugu kuva ku musi wa gatandatu, ariko nturemererwa kwinjira i Douma.
Icyo gitero cyo kw’itariki 7 z’ukwezi kwa kane catumye haba igitero kuri leta ya Syria kigizwe na Amerika, Ubwongereza n’Ubufaransa inyuma y’indwi imwe icyo gitero kibaye.
Syria n’Uburusiya bubafashe mu mugongo barahakanye bararengwa ko nta gitero cy’ubumara cyabaye, aho Uburusiya mbere bwavuga ko ibivugwa ari “ibyateguwe”.
Kare cyane ku wa kabiri, ikinyamakuru cya leta ya Syria cyavuye ko abasirikare bagwanira mu kirere bavuze ko bahanganye bikomeye n’ibitero byo mu kirere cyo mu burengero bw’igisagara cya Homs.
Igisirikare cya Syria cyaba cyimirije kwigarurira Ghouta yo mu buseruko?
Indwano ikomeye muri Syria yatumye abantu bahunga ari benshi
Ibyo bisasu byari bitumbereye ikambi z’abasirikare barwanira mu kirere ba Shayrat ariko ntibavuze abakoze ibyo bitero.
Abagizweko ibitero by’ubumara muri Syria Izindi nkuru ziva mu bagwanyi bafashwe mu mugongo na Iran-Hezbollah zivuga ko ibirwanisho byo kwikingira ibitero byo mu kirere byakoroye ibisase bitatu byari bije bitumbereye abasirikare bagwanira mu kirere b’i Dumair, mu buraruko bushira ubuseruko bw’umugwa mukuru Damas.
Umuvugizi w’ubushikiranganji bwo kwivuna abansi yabwiye Reuters: Nta gikorwa na kimwe cya gisirikare cya Amerika kiriko kirabera muri ako karere muri iki gihe.






