HomeNewsIntsinzi ya Putin,ntivugwaho rumwe na mahanga

Intsinzi ya Putin,ntivugwaho rumwe na mahanga

Nta jambo na rimwe ryigeze rivugwa n’ibihugu bya Buraya ku ntsinzi ya Vladimir Putin mu matora y’umukuru w’igihugu cy’Uburusiya, aho yaronse bitatu bya kane by’amajwi yose yabazwe.

Ubushinwa, Kazakhstan, Belarus, Venezuela, Bolivia na Cuba byarungitse ubutumwa bwo gukeza umuyobozi w’Uburusiya.

Uwo bari bahanganye, aserukiye umugambwe wa Communist Party, yaronse amajwi ari munsi ya cumi n’abiri kw’ijana.

Havuzwe amakuru y’uko habaye utunenge mu matora, harimwo iby’uko hari amasanduka yujujwemo amajwi hamwe n’abantu bategetswe gutora, cyane cyane abakozi ba leta hamwe n’abanyeshure.

Ukomeye mu batavuga rumwe na leta, Alexei Navalny, yabujijwe kwitoza; yanditse kuri Twitter ko byamugoye cyane gutsinda ishavu igihe amajwi yatangazwa.

Soma kandi:

RELATED ARTICLES
- Advertisment -
Google search engine

Most Popular

Recent Comments