Ikibazo cy’amatongo n’ikibazo kitoroshe muri Afrika y’epfo. Ibyo inyuma y’imyaka 24 intwaro karyanishamiryango ya Apartheid irangiye mur’icyo gihugu.
Prezida Ramaphosa yaragabishije kw’icyo kibazo gishobora kugira inkurikizi zikomeye cyane keretse gitorewe inyishu mu maguru mashya.
Ramaphosa yabwiye inama nshingamateka kw’umuntu afatiye kuri kahise k’igihugu, bategerezwa kwihutishwa gutunganya gushyashya ikibazo cy’amatongo. Yamenyesheje ko niyo batatorera inyishu icyo kibazo kizoguma kibakwirikirana mu myaka amajana n’amajana. Atangaza ko bategerezwa ku gitorera inyishu burundu.
Perezida Ramaphosa ariko aremerwa bikomeye n’abirabure batagira amatongo mu gihugu bavuga ko nta cyahindutse mu gihugu kuva intwaro karyanishamiryango y’abazungu irangiye mu mwaka w’i 1994. Abazungu baracyafite hafi y’ibice 72 by’amatongo muri Afrika y’epfo. Abirabure, aribo benshi mu gihugu, bafite ibice 4 gusa kw’ijana by’ubutaka.
Bitegekanijwe kw’ikibazo cerekeye ubutaka gishimikirwako cyane mu matora azaba mu mwaka w’i 2019 muri Afrika y’epfo.





