HomeNewsIsirayeli Yivunnye Agasotoro ka Irani na Siriya

Isirayeli Yivunnye Agasotoro ka Irani na Siriya

Umushikiranganji wa mbere wa Isirayeli, Benjamin Netanyahu, hagati, yicaranye n’umunyamabanga wa reta Tzachi Braverman, iburyo, hamwe n’umukru ajejwe iperereza akaba n’umushikiranganji wo gutwara abantu, Israel Katz,mu nama y’abashikiranganji, Yerusalemu, Ukwezi kwa kabiri, itariki 11, 2018.

Umushikiranganji wa mbere wa Isirayeli, Benjamin Netanyahu yashikirije kur’uyu w’Imana ko igihugu cyiwe cyateye bikomeye abasirikare ba Irani na Siriya bari muri Siriya kandi ko azobandanya arwanya abazomusotora bose.

Abivuze inyuma y’aho Siriya ikororeye indege y’intambara ya Isirayeli, incuro ya mbere Isirayeli itakaje indege y’intambara kuva mu mwaka w’1982.

Umudereva w’iyo ndege yarashoboye gusimba arava muri yo akiri muzima imbere yuko isandabira muri Isirayeli, nk’uko bishikirizwa n’igisirikare cya Isirayeli.

Isirayeli itangaza ko yateye ibirindiro birenga cumi bya Irani na Siriya muri Siriya. Isirayeli yavuze kandi ko yakoroye indege itagira umudereva ya drone yarungitswe iva muri Siriya, inyuma yo kwinjira ku butaka bwa Isirayeli ku musi wa gatanu.

Ibiro bya Perezida wa leta zunze ubumwe z’Amerika, White House, byatangaje ko bishigikiye uburengenzira bwa Isirayeli bwo kwivuna gitewe. Amerika yasabye Irani n’ibihugu bifatanije guhagarika ibikorwa byo gusomborotsa, bagakorera hamwe mu kurondera amahoro mu karere.

RELATED ARTICLES
- Advertisment -
Google search engine

Most Popular

Recent Comments