Umukuru w’inama nshingamateka na nkenguzamateka mu gihugu cya Afrika y’Epfo Baleka Mbete yatangaje kw’ijambo ryo gushyikiriza abanyagihugu ukuntu igihugu cyifashe ryari ritegekanijwe gushyikirizwa na Perezida Jacob Zuma ku musi wa kane ritagishyikirijwe.
Mbete yabitangaje mu gihe hari utwigoro dukomeye turiko turakorwa kugira ngo perezida Zuma atange imihoho. Ni ukubera ibirego bya ruswa byatumye atakaza icyizero mu mugambwe wiwe ANC uri ku butegetsi.
Mbete avuga kw’iyo ngingo yo gusibisha iryo jambo nyamukuru, yafashwe ku nyungu z’igihugu.Imigambwe itavuga rumwe na reta ivuga ko Zuma adakwiye gushikiriza iryo jambo. Iyo migambwe yongeye irasaba kw’iryo jambo ryokwungururizwa ku wundi musi.
Abashingamateka bamwe bamwe batavuga rumwe na leta, barigeze kudurumbanya amajambo yariho ashyikirizwa na Zuma mu nama nshingamateka.





