Zuma yahamagaje inama yihuta y’abagize leta Umukuru w’igihugu cya Afrika Yepfo Jacob Zuma yahamagaje inama yihuta y’abagize leta mu gisagara cya Cape Town, niko ibigo vy’itangazamakuru byaho byavuze.
Si ibisanzwe ngo inama y’abagize leta ibe ku munsi wa kabiri, inama z’abashikiranganji ziba mu bisanzwe ku minsi ya gatatu.
Kuri uno wa gatatu hategekanijwe inama ihambaye y’abajejwe gufata ingingo mu mugambwe uri ku butegetsi “African National Congress” (ANC), izoba ikurikiye izindi nama ebyeri ziheruka, zihweza ejo hazaza ha Bwana Zuma.
Mw’itangazo, ANC yavuze ko iyo nama ariyo kwihweza “ingene ikiringo mfatakibanza cotunganywa” hagati y’uburongozi bwa Zuma n’ubwa Ramaphosa.
Abanyagihugu bamaze igihe baremereye Bwana Zuma, ubuypbozi bwe bwaranzwemo amakosa ateye isoni, bifuza ko haza undi mukuru w’igihugu inyuma yaho Cyril Ramaphosa atorewe kuyobora ANC mu kwezi kwa 12.
Prezida ari ku butegetsi kuva mu 2009, byari biteganijwe gushyikiriza ijambo abanyagihugu uko igihugu cyifashe ku munsi wa kane, bamwe mu banyamugambwe bakifuza ko Bwana Zuma yaba yavuye ku butegetsi imbere y’iryo jambo.
Bwana Zuma asa naho aguma ananirana, yima amatwi abifuza ko yatanga imihoho.





