HomeNewsSerwakira Harvey iteye Ubwoba Abanyagihugu muri Texas

Serwakira Harvey iteye Ubwoba Abanyagihugu muri Texas

NOAA’s GOES-East satellite captured this image of Hurricane Harvey in the western Gulf of Mexico on Aug. 24, 2017.Serwakira Harvey yongereje inguvu mu gihe kiriho yerekeza  mu mazi yo mu izinga rya Mexique, yateye igana ibice byegereye inyanja ya Leta ya Texas.

Abahanga mu byerekeye ikirere bo muri Leta Zunze Ubumwe z’Amerika batangaza ko Harvey izaba serwakira ikomeye cyane igihe izashyika mu bice byegereye inyanja ya Leta ya Texas, mu masaha yo kumanywa uno musi ku wa gatanu. Imiyaga y’iyo serwakira imaze kugera ku birometero 177 kw’isaha.

Byitezwe kw’iyo miyaga igera ku bilometrro 200 kw’isaha igihe igihuhusi Harvey kiza gushika mu gice cegereye ibahari c’ubwaguke bw’ibirometero amajana atandatu.byitezwe ko iyo serwakira yonona ibintu bitari bike muri Leta ya Texas.

Umuyobozi w’ibiro bijejwe kurwanya ibiza, Brock Long, mu kiganiro yahaye televiziyo CNN, yamenyesheje ku mpungenge nini afite ar’uko bamwe mu banyagihugu baba mu bice byegereye inyanja basa n’abatumvira igabisha ry’abategetsi. Bakaba bahisemo kuguma mu mazu yabo.

byitezwe ko serwakira Harvey izana imvura yo ku rugero rugera kuri centimetero ijana mu gice kinini cyegereye inyanja ya Leta ya Texas mu misi itatu yimirije.

RELATED ARTICLES
- Advertisment -
Google search engine

Most Popular

Recent Comments