Abanywanyi ba Prezida Paul Kagame mu ntara ya Nyanza, mu Rwanda, mu gihe cy’imyiyamamazo.
Inyuma y’aho Perezida Paul Kagame w’u Rwanda atahukaniye intsinzi mu matora y’Umukuru w’Igihugu yabaye itariki zine z’uku kwezi kw’umunani, Ishirahamwe ry’abaharanira agateka ka zina muntu, Human Rights Watch ryasohoye urutonde ku vyerekeye ihohoterwa ryabaye ku bijanye no gushikiriza ivyiyumviro, kuja hamwe co kimwe n’amakoraniro vyaranze ikiringo kiri hagati y’amatora yabaye yo guhindura ibwirizwa shingiro, m’ukwezi kwa cumi na kabiri m’umwaka w’ibihumbi bibiri na cumi na gatanu, n’amatora y’umukuru w’Igihugu aheruka.
Ibyo byatangajwe n’umuyobozi w’iryo shirahamwe, mu karere ka Afrika yo hagati, Ida Sawyer, aho yavuze ko intsinzi ya Prezida Kagame idatangaje mu gihe abanyagihugu bubahutse kutavuga rumwe n’ubutegetsi bamwe batawe mu mvuto, abandi bakanyuruzwa cyangwa bakicwa. Sawyer avuga kandi ko ibinyamakuru byigenga byacecekeshejwe, n’imirwi y’abaharanira agateka ka zina muntu yashyizweho iterabwoba, bigatuma idashobora gushyikiriza ibyiyumviro byayo.
Ishirahamwe Human Rights Watch rivuga ko inyuma y’amatora, ryavuganye na bamwe mu banyagihugu cyo kimwe n’abaharanira agateka ka zina muntu, bavuga ko ayo matora yaranzwe n’utunenge hamwe n’iterabwoba.
Ibyo byatangajwe kandi na Departema ya leta y’Amerika, itariki zitanu z’uku kwezi kw’umunana. Bukeye bw’aho, Ishirahamwe ry’Ubumwe bw u ‘Burayi rikaba ryaciye risohora itangazo rivuga ko amatora yaranzwe n’umutekano, yamara ko mu matora akurikira hokorwa akigoro ko kureka abipfuza kwitoza bakitoza, kandi hakabamwo umuco n’ibindi nk’ibijanye no gutunganya intonde z’abatora hamwe no guharura ivyavuye mu matora.





