Abantu baharugwa mu ma miliyoni barageramiwe kubera imyuzure yaturutse ku mvura nyinshi iterwa n’umuyaga “mousson” murako karere.
-
Abantu barenga 250 bapfuye kubera imvura itegwa n’umuyaga “mousson” yatumye haba imyuzure mu Buhindi, Nepal na Bangladesh. Abantu imiliyoni bari mu kangaratete mu gihe ubutegetsi buguma burondera gushika mu turere twatandukiriwe. Uno mugabo ariko arajabuka mu myuzure y’amazi muri komine ya Saptari muri Nepal.
-
Inzovu isoboka mu myuzure i Koliabor mu Buhindi. Hafi abantu imiliyoni cumi barageramiwe kubera imyuzure mu buseruko bw’igihugu.
-
Uburyo imyuzure yibasiye akarere urabiye mu ndege mu kirere hafi Janakpur muri Nepal. Ibice by’amabarabara makuru hamwe n’ibiraro vyazimanganye kubera imvura bituma ubutegetsi budashobora gushyika mu bibanza bimwe bimwe.
-
Abantu bahagaze bareba iby’imyuzure yakoze hafi y’inzu ahitwa Kurigram, mu buraruko bwa Bangladesh. Imvura imaze iminsi myinshi igwa yatumye inzuzi zisesa.
-
Umugabo w’umuhindi arwana n’amazi mw’ibarabara ry’imyuzure i Agartala, umugwa mukuru w’intara ya Tripura iri mu buraruko bushyira ubuseruko.
-
Abanyagihugu bafashanya kujabuka kubera imyuzure muri komine ya Birgunj Parsa muri Nepal.










