HomeNewsUS na UK bemeye gufasha mw'itohoza ku rupfu rw'umukozi w'akanama k'amatora muri...

US na UK bemeye gufasha mw’itohoza ku rupfu rw’umukozi w’akanama k’amatora muri Kenya

Leta Zunze Ubumwe za Amerika (US) hamwe n’Ubwongereza (UK) bemeye gufasha mw’itohoza ryo kumenya abishe uwarajejwe igisata cy’itumanako mu kanama kajejwe amatora muri Kenya, niko ikinyamakuru cyo muri Kenya cyamenyesheje.

 

Ikinyamakuru Daily Nation kivuga ko uwuserukira Amerika Robert Godec hamwe n’uwuserukira Ubwongereza, Nic Hailey, biyamirije ubwicanyi bwahitanye Chris Msando, bavuga ko ba kwakirana yombi akamo baba batewe n’ubutegetsi bwa Kenya ko basaba kugira icyo batwerera mw’itohoza kuri ubwo bwicanyi, bavuga bati: “Twaremeye ko dushobora gufasha mw’itohoza.”

Bwana Msando niwe yari ajejwe itumanako, ku buryo bwa mudasobwa, mu matora yo ku munsi wa kabiri uza, ubuhinga bwogabanije ubusuma mu matora.

Yatowe yapfuye mu mpera z’indwi iheze. Ku bw’uwurongoye akanama k’amatora, Wafula Chebukati, “ngo nta nkeka ko uwo muntu yahohotewe munyuma akicwa”.

Kenya: Ushinzwe ikoranabuhanga mu kanama k’amatora yishwe

RELATED ARTICLES
- Advertisment -
Google search engine

Most Popular

Recent Comments