HomeGreat LakesPrezida Nkurunziza mu rugendo rwa mbere hanze nyuma y'imyaka 2,ahengereye Umwakagara ari...

Prezida Nkurunziza mu rugendo rwa mbere hanze nyuma y’imyaka 2,ahengereye Umwakagara ari mu matora,na Gen.Nziza Jack bamwirukanye muri RDF,abona kujya ahabona.

Prezida Pierre Nkurunziza w’Uburundi yasohotse igihugu ubwa mbere ajya mu gihugu cya Tanzania inyuma y’imyaka ibiri irangiye haburijwemwo itembagazwa ry’ubutegetsi bwe.Prezida Nkurunziza yagiye n’imodoka aciye ku rubibe rwa Kobero ruri hagati y’ibyo bihugu bibiri.

Bivugwa ko yajyanye n’abategetsi bakomakomeye harimo n’abashikiranganji guhura na mugenzi we wa Tanzania John Pombe Magufuli.Icyo urwo rugendo rugamije ntikiramenyekana.Prezida Nkurunziza ntiyari bwigere asohoka igihugu kuva hageragejwe itembagazwa ry’ubutegetsi itariki 13 z’ukwezi kwa gatanu mu 2015.

Icyo gihe yari yitabye inama ku Burundi yabera ku mugwa mukuru wa Tanzania, i Dar Es Salaam, aho yashoboye kugaruka i Bujumbura aciye mu nzira n’ubu itaramenyekana.Prezida Pierre Nkurunziza yaherekejwe n’abategetsi barimo abashikiranganji bahuriye Kobero ku mupaka w’Uburundi na Tanzania  20  Nyakanga, 2017

Uwo mubonano uriho urabera mu karere ka Ngara mu ntara ya Kagera.

Itembagazwa ry’ubutegetsi mu Burundi: uko biriho biragenda

Burundi: Havuzwe ihirikwa ry’ubutegetsi

Abashatse gutembagaza ubutegetsi mu Burundi bakatiwe

RELATED ARTICLES
- Advertisment -
Google search engine

Most Popular

Recent Comments