Agasozi ka Okinoshima kazengurutswe n’amazi, yo hagati y’ibihugu bya Koreya y’epfo n’Ubuyapani, karazwi kuva na kera gakoreshwa mu migenzo yo gusenga ku bantu bashaka kwiherera bashaka gusaba Imana ngo ibasubize.
Agasozi ka Okinoshima, kagenderwa n’abagiye gusaba gukingirwa imbere yo gufata ingendo zo mu mazi n’ubwato.Imbere yo kuhakandagiza ikirenge kuri ako gasozi, abagabo barinda kwiyambura imyenda yose, bakiyuhagira.
Nta kintu na kimwe kandi gishobora kuhavanwa n’ugendeye ako gasozi,canke ngo avuge ivyo yahabonye.Kuva mu ntango z’ikinjana cya 17 ako kazinga karagenderwa kandi nta mugore yemeregwa kuhahonyoza ikirenge, kagenderwa n’abagabo gusa.
Ikibanza cya Okitsu cubatswe mu kinjana cya 17 kigasengerwamwo n’abatwara ubwato
Kuri iryo zinga bahasanze ibintu byinshi byahora bihajyanwa n’abahashengereye, birimwo imiringa yo ku ntoke ituruka muri Korea.
Muri kino gihe, abantu bemerewe kugendera icyo kirwa, rimwe rizima mu mwaka wose, kw’itariki 27 z’ukwa gatanu, kandi iyo migenzo ya kera n’ubu iracyakurikizwa, nta mugore yemerewe kuhaja.
Abemeregwa kugendera ako gasozi ntibashobora kurenga 200.Bisabwa ko barinda gukurikiza umugenzo wo kwiyuhagira, kandi bakaba ari abagabo.






