Igisirikare cya Koreya y’epfo kivuga kandi ko ibyo byakozwe nk’ukugabisha Koreya ya ruguru ku bitero by’ibisasu byo mu bwoko bwa Misile iherutse gutera.
Mur’iyo myimenyerezo, izo ndege, zarakoroye ibisasu mw’ishamba bagereranije nk’uko byaba ar’ikibanza Koreya ya ruguru itereramwo ibisasu byayo.
Perezida wa Leta zunze ubumwe z’Amerika, Donald Trump, inyuma y’aho Koreya ya ruguru itereye bombe iherutse, yavuze ko yiteguye gukora ibintu bikomeye kugira ahagarike imigambi y’icyo gihugu yo kubandanya ihingura ibirwanisho bya Nikleyeri.





