Ibyo byatangajwe n’igisirikare cya leta kur’uyu wa gatanu.Umuvugizi w’igisirikare muri Kivu yo mu buraruko, Djike Kaiko yatangarije itororokanirizo ry’amakuru ry’abafransa, AFP, kw’aba Mai-Mai bakoze umutego ku musi wa kane ku muhingamo hagati y’ibirindiro bibiri by’inteko za leta hafi y’ahitwa Nyamilima, ku bilometero ijana mu buraruko bw’igisagara ca Goma, umurwa mukuru wa Kivu yo mu buraruko.
Amenyesha kw’abasirikare babiri ba leta bishwe, hamwe n’aba Mai-Mai batandatu, mu gihe abandi umunani bafashwe mu gutana mu mitwe kwabandanije gushika mu gitondo co kur’uyu wa gatanu.
Ibitero by’abarwanyi b’aba Mai-Mai byariyongeye mu kwezi kwa gatandatu mu ntara ya Kivu yo mu buraruko hadutse umurwi witwaje ibirwanisho utar’uzwi gushik’ubu.





