Muri Republika Iharanira Demokrasi ya Kongo, Felix Tshisekedi, umukuru w’abatavuga rumwe n’ubutegetsi yateye akamo abanyagihugu ko kuva kw’itariki ya mbere y’ukwezi kw’icumi, hoba kwigaragambiriza, amategeko, mu ntumbero yo kwiyamiriza ingendo yo kudatunganya amatora. Ivyo ngo bizokorwa m’uguhagarika gutanga imisoro no kuriha amafaranga yinjira mu kigega cya Leta.
Ibyo byatangajwe kw’jwi rya Amerika, m’ururimi rw’Igifaransa, na Felix Tshisekedi, ari nawe ayoboye urunani rw’abatavuga rumwe n’ubutegetsi, Rassemblement de l’opposition congolaise. Tshisekedi avuga ko ar’uburyo bwo kwereka Prezida Joseph Kabila ko atacyemewe n’abanyagihugu.
Prezida Kabila amaze ikiringo cy’imyaka cumi n’indwi ayoboye Igihugu cya Kongo. Ikiringo cyiwe cyaheze m’ukwezi kwa cumi na kabiri, m’umwaka uheze. Gushyik’ubu akaba nta rutonde arashyiraho rw’amatora, mu gihe amasezerano yashizweho m’ukwezi kwa cumi na kabiri kw’umwaka uheze ategekanya ko atunganya amatora agahagarika umugambi yar’afise wo guhindura ibwirizwa shingiro.
Umurwi ujejwe gutunganya amatora uvuga ko ayo matora adashobora kuba uyu mwaka, bivuye ku ntureka ziri mu ntara ya Kasai, n’ikibazo kijyanye n’ugutunganya intonde z’abazotora. Abatavuga rumwe n’ubutegetsi baramirira kure izo nsiguro, bakavuga ko ar’uburyo bwo guhagarika ayo matora, kandi ko ari Prezida Kabila atifuza ko ayo matora atunganywa.
